Scroll to Top

#Burundi| Ibiriko bivurwa kw’ihakwa kugandagurwa rya Willy Nyamitwe

By La Rédaction / Published on Tuesday, 29 Nov 2016 01:49 AM / /

willy-nyamitwe_0

Nk’uko iki kimenyeshamakuru cari cabibashikirije ko mw’ijoro ryaraye rikeye umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu kubijanye n’itangazamakuru, bwana Willy Nyamitwe yagizweko igitero n’abantu bataramenyekana maze bakaba ubuzima umupolisi umwe bari kumwe atazirwa Gasongo hama nawe agakomereka, gushika ubu hariko havurwa menshi kuri ico gitero.

22m22 minutes ago

  1. 🔴 Nzobonariba (): “Que la qui déroule le tapis rouge aux terroristes recherchés le assume ses responsabilités”

Amakuru ariko aracanacanako ku ngurukanabumenyi Twitter amenyesha ko umuvugizi wa Leta y’Uburundi Philippe Nzobonariba ashikiriza ko ivyaraye bibaye vyerekana ko abatavuga rumwe na Leta bakibandanya umugambi bihaye w’ugutoteza inzego zatowe n’abanyagihugu, aho anashinga urutoke igihugu c’Ububiligi ko arico giha impigi abakora iterabwoba mu Burundi ko buzobibazwa.

Nayo Willy Nyamitwe we yaraye ahatswe kugandagurwa arashimira abaguma bamwipfuriza gusubira kumera neza yamara akanerekana n’akababaro afise k’umugenzi wiwe Gasongo yaraye asize ubuzima muri ico gitero.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel