#indundi Gospel | Redemption Voice ntibagikoze igiteramo mu mpera z’uno mwaka
Umurwi Redemption voice ngo ntugikoze Igiteramo mu mpera z’uno mwaka nkuko vyari bisanzwe bimenyerewe, ivyo vyashikirijwe Ku murongo wa Twitter w’uyo murwi.
Uwo murwi ukaba warusanzwe waramenyereje abakunzi babo ko mu mpera z’umwaka bama bakora igiteramo rimwe na rimwe bashira ahabona Indirimbo nshasha canke urukurikirane nkuko babikoze.
Imvo n’imvano ngo n’ukubura ikibanza bari bipfuje gukoreramwo ico giteramo, bituma noneho bahagarika gukora ico giteramo. Tukizera ko bazoteramisha abandi ubona ko banakunzwe mu Rwanda kandi banakorerayo I Biteramo bitari bike.
Redemption Voice ishikirije ivyo inyuma yaho bashiriye ahabona Indirimbo yabo nshasha Bise Sinzopfa inyuma yaho y’amezi yababa indwi basohoye akandi.
129 total views, 0 views today