Scroll to Top

#Burundi| Leta y’Uburundi ishira uguhakwa kugandagurwa kwa Willy Nyamitwe ku gahanga ka Pacifique Nininahazwe

By La Rédaction / Published on Thursday, 01 Dec 2016 00:24 AM / /

philippe

Nk’uko bibonekera mw’itangazo Leta y’Uburundi yashize ahabona kuwa 29 Munyonyo 2016 ibicishije ku muvugizi wayo Philippe Nzobonariba, uguhakwa kugandagurwa kw’umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu ku bijanye n’itangazamakuru, Willy Nyamitwe ngo riri ku gahanga ka Pacifique Nininahazwe hamwe n’akarwi kiwe.

Ku bwa Philippe Nzobonariba, ukwo guhakwa kugandagurwa kwa Willy Nyamitwe ngo kwabaye mu gihe hari haheze imisi mike Pacifique Nininahazwe aherutse gutangaza ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko abo bantu bakeneye kwicwa, aho ngo yavuze mu kinyamazuru ngo « vous devez pulvériser, vous devez exterminer ces gens »

Nzobonariba akabona rero ko ubwo butumwa Pacifique yashikirije ngo bwerekana ko idurumbanywa ry’umutekano mu Burundi atawundi ryagirizwa atari we, akaboneraho gusaba amakungu na canecane igihugu c’Ububiligi, gukorana n’ubutungane bw’Uburundi, gutyo imitahe Uburundi bwarungikiye Pacifique n’abandi bakorana ko yoshirwa mu ngiro.

Nayo Pacifique Nininahazwe akaba yamirira kure ivyo yagirizwa aho amenyesha ko ubwo butumwa ari ubw’ikimenyeshamakuru c’Ubufaransa citwa ”Humanité” cashikirije kuwa 23 Munyonyo 2016, ngo we akaba yabusubiyemwo ku rubuga rwiwe Twitter kuwa 24 Munyonyo 2016.

Uwo mukuru w’ishirahamwe FOCODE akaba yaranagize ico avuga kw’ihakwa kugandagurwa rya Willy Nyamitwe, aho yamenyesheje ko ritemewe araheza aboneraho gusaba ko hoba amatohoza yigenga.

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel