Scroll to Top

#Burundi| Intwazangabo zafashwe mu bikekwa guhakwa kugandagura umuvugizi mu biro vy’Umukuru w’Igihugu Willy Nyamitwe.

By Indundi Staff / Published on Friday, 02 Dec 2016 06:22 AM / /

miburo

Inyuma yaho Umuvugizi mukuru mu biro vy’Umukuru w’Igihugu ahatswe kugandagugwa Imana igakinga, hari abamaze gufatwa: Koroneri Miburo Yohani batista batazira Miros; akaba yahora guhagarikira amahoro n’umutekano mu Gihugu ca Afrika yo hagati, akaba yaranatwaye ikambi bita DCA, akaba yafatanywe na Koroneri Bahati Nestor kur’uyu wa 30 Munyonyo, bose bakaba bahora mu gisirikare ca Leta.hamwe na Kapitene Iranyibutse céléstin  aho yafatiwe k’urugo gwiwe kur’uyu wa 01Kigarama 2016, muri Zone Rubirizi, Komine Mutimbuzi mu Ntara ya Bujumbura.

Kubw’amakuru ava mu gisirikare ca Leta, izo ntwazangabo zitatu ngo zoba zagirizwa kuba ziri inyuma y’abashatse kugandagura umuvugizi w’umukuru w’Igihugu Willy Nyamitwe. Ngo bakaba bariko barabarizwa mu gasho k’iperereza I Bujumbura.

Inyuma yaho ubwo bwicanyi buhatswe kuba, Umuvugizi w’Igipolisi yashikirije ko abahatswe guhekura uburundi,ngo  ari muri bamwe bahunze igihugu, ngo bari mu Gihugu c’Urwanda, mu gihe umuvugizi wa Leta Firipo Nzobonariba atunga urutoke Igihugu c’Ububiligi.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel