Scroll to Top

#Burundi| Icegeranyo ca CNDD-FDD inyuma y’imisi 100, mu burongozi bushasha.

By Indundi Staff / Published on Friday, 02 Dec 2016 09:15 AM / / 350 views

dd

Mu nama y’Umugambwe CNDD-FDD,yabaye kur’uyu wa 01 Kigarama 2016,Umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe Evariste Ndayishimiye, yasavye abarundi bose ngo bafatane mu nda, ngo kugirango amahoro n’umutekano bitsimbatare mu Gihugu.

 Akaba yateye ivyatsi abantu bagomba guta mu kaga igihugu cacu. Yamenyeshejeko iyo nama yateguwe mu ntumbero yo gutanga icegeranyo c’ivyakozwe mu misi 100, mu burongozi bushasha bw’uwo mugambwe CNDD-FDD.

Uwo munyamabanga w’uwo mugambwe akaba yanashikirije ko ukwizerana hagati y’imigambwe ya Politike mu Burundi cagarutse. Muvyakozwe n’uburongozi bushasha,harimwo kuduga hagati mu Ntara z’Igihugu ngo hamwe no hanze y’Igihugu, ngo kugira bashobore gushika kw’ihangiro bihaye.

 Yaranashikirije ko habayeho imigenderanire hagati y’imigambwe yo mu bindi bihugu nka CCM(Chama Cha Mapinduzi) wo muri Tanzaniya. Akaba yaranamenyesheje ko ibiganiro vyo hagati mu gihugu bigiye gusubira gutangura vuba.

Umunyamabanga wa CNDD-FDD, yaramenyesheje ko ubucuti hagati y’Umugambwe CNDD-FDD na CCM ko bwakomeye cane, ngo kandi ngo no kubonana n’umuhuza mu matati y’Abarundi Mkapa ngo hamwe n’abaserukira ibihugu bimwe-bimwe baganiriye, ngo vyaragize akamaro gakomeye cane ngo kuko vyahinduye ukudatahura ukuntu umutekano uhagaze mu Burundi.

Evariste Ndayishimiye  arizerako imigenderanire n’ayandi makungu igiye kuba myiza cane, ngo hanyuma n’abahunze baheze bahunguke,

Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yaboneyeho akaryo ko gutera ivyatsi guhakwa kugandagura Umuvugizi mukuru mu biro vy’umukur w’Igihugu, ngo hamwe n’inyifato y’ibihugu bimwe-bimwe vyaciye biboneraho akaryo ko gusaba ibiganiro hagati ya Leta hamwe n’abashatse gutembagaza ubutegetsi.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel