Scroll to Top

#Burundi| Ubushinwa ngo bugiye gufasha imboneshakure y’igihugu mu bijanye n’iyongerezwa ry’ubuhinga bwa none

By La Rédaction /Published on Saturday, 03 Dec 2016 01:41 AM // 366 views

nestor-bankumukunzi-min-technologies

Umushikiranganji w’ama posita, ubuhinga bwa none hamwe n’itangazamakuru, bwana Nestor Bankumukunzi aherutse kumenyesha ko igihugu c’Ubushinwa cemereye gufasha imboneshakure y’Uburundi mu bijanye n’ugukomeza igisata c’ubuhinga bwa none mukuzoburonsa ama ”décodeurs” angana n’ibihumbi amajana abiri na mirongo icenda (290.000 décodeurs) mu mpera y’uno mwaka tugomba turangize.

Ivyo akaba yabishikirije ku musi wa kane uheze igenekerezo rya mbere Kigarama 2016, aho insamirizi n’imboneshakure vy’uburundi (RTNB) yari isanzwe ihimbaza imyaka mirongo itatu n’ibiri imaze irangura imirimo yayo ku neza y’abanyagihugu.

Nestor Bankumukunzi akaba ngo afise icizere ko ubuhinga bwa none bugiye kwiyongera mu Burundi na canecane ku mboneshakure y’igihugu yari isanzwe gushika ubu ihagaze kuri réseau igera ku bice 90 kw’ijana. Akaba yaboneyeho n’ugusaba abakozi bo ku nsamirizi n’imboneshakure y’igihugu kwongereza inguvu mu kazi basanzwe bakora.

Mwomenya ko imboneshakure y’Uburundi yari yabonye izuba kuwa mbere Kigarama 1984 ibifashijwemwo n’igihugu c’Ubufaransa mu gihe bwaca haba inama igira iya 11 hagati y’Ubufaransa na Afrika (11ème sommet France-Afrique) yabereye i Bujumbura uwo mwaka nyene.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel