Scroll to Top

#Indundi Sports| Ines Nezerwe agiye guhamvya Kalume Florence kuri Jacksonville College muri USA.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 07 Dec 2016 12:10 PM / / 361 views

gitiNi umwe mu bakinyi ba Basket Ball b’abigeme bariko barigaragaza cane hano mu gihugu ndetse  mu karere, Ines Nezerwe agiye gusanga Kalume Florence mu gihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika mu gisagara ca Dallas.

Ines Nezerwe ku myaka 23, amaze gutwara ibikombe bitandukanye ari mu mugwi wa Berco Stars nk’igikombe c’akarere ka gatanu mu mwaka w’2015, ajana n’uyo mugwi mu gihugu ca Angola mw’ihiganwa rya Afrika rihuza imigwi yatwaye ibikombe mu turere twayo.

Kuri uno mwaka akaba yaramaze igihe mu gihugu c’Urwanda mu mugwi w’UBUMWE , aho yaheruka gutahukana igikombe c’akarere ka 5 mu gihugu ca Tanzaniya. Ikiganiro twagiranye muzogikwirikirana ku mboneshakure Indundi TV ku munsi wa gatanu.

Ku mumenyereza wa Berco Stars ati: Ni iteka ku mugwi no kuri jewe nsanzwe menyereza aba bigeme, kuramura abigeme babiri mu mezi atatu nyene ntibishikira imigwi yose.

Ayo niyo majambo twahawe n’umumenyereza Richard Ngwijuruvugo, aho twamubaza ku vyerekeye uno mwigeme.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel