Scroll to Top

#Burundi| Abadandaza co kimwe n’abaguzi ntibakironka ayo bacira n’ayo bamira

By La Rédaction / Published on Thursday, 08 Dec 2016 06:54 AM / /

Mu mayinga adashika abiri gusa, ibiciro vy’ibidandazwa ku masoko atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara hagati biguma biduga uko umusi utashe, ivyo bigatera ubwoba abadandaza co kimwe n’abaguzi.

Nk’akarorero kw’isoko izwi cane kw’izina ryo ”kwa Siyoni”, ikiro kimwe c’ifu y’imyumbati gisigaye kigurishwa amafaranga y’amarundi 1,400 mu gihe cahora kigurwa amafaranga atarenga igihumbi kimwe, nayo agafuko kayo k’ibiro 25 kahora ku mafaranga y’amarundi 25,000, ubu kageze ku mafaranga 48,000 y’amarundi. Si ivyo gusa, ikiro c’ibiharage vyitwa kinure cahora kuri 1,400, ubu kigeze kuri 1,600 co kimwe n’ibindi bifungurwa bisanzwe bikundwa nk’umuceri.

Kubero ivyo rero, abadandaza ngo ntibakironka abaguzi, ivyo bigaca bituma bagira uruhombo rukomeye kuko ama ”stocks” yabo aba atagisohoka nk’uko vyategerezwa. Ikitavuzwe co n’abasanzwe bakoresha abakozi bo mu mazu aho usanga batacumvikana n’abakozi babo mu gihe abo bakozi bababwiye ko basanze isoko yahindutse aho batavyemera bakaguma bibaza ko boba babagavuye.

Ku ruhande rw’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO, Noël Nkurunziza amenyesha ko Leta yari kuba yariyumviriye maze igafata ingingo zishobora kworohereza abaguzi, na canecane m’ugukura canke ukugabanya amatagisi ku bifungurwa umuguzi aguma akenera buri musi.

Uruzuba rumena imbwa agahanga, uguta agaciro k’amafaranga y’Uburndi hamwe n’ikena ry’amafaranga y’agaciro, Noël Nkurunziza akaba abona ko arivyo bituma ibintu biguma biduga, akaboneraho gusaba Leta y’Uburundi kugerageza gushiraho ingingo zotuma ivyo bibazo bikemuka.

80 total views, 0 views today

Categories : Economy homepage kirundi

Add Comment