Scroll to Top

#Indundi Sports| Amissi Cedrik na Karim Makenzi boba bagiye kugaruka muri Rayon Sports?

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 08 Dec 2016 05:01 AM / /

Bamwe mu bakinyi b’abarundi  bahoze bakinira umugwi wa Rayon Sports mu gihugu c’Urwanda, bagize iminsi bibonekeza mu myimenyerezo y’uwo mugwi wa Rayon Sports. Abo nano ni Amissi Cedrik  yahora akina muri Mozambique mu mugwi wa Tchiputo ndetse na Abdoulkarim Makenzi akinira Gormahia yo muri Kenya.

Mu rukino rwa kivandimwe  ruheruka kuba ku munsi w’ejo, Amissi  Cédric na Makenzi babonetse mu mugwi wa Rayon Sports wabahuje na La Jeunesse yo mu cicaro ca kabiri . Amissi Cedrik we akaba akaba yashoboye kuba atsinda igitsindo   harimwo n’igitsindo c’uyundi murundi Shassir Nahimana asanzwe akina muri uyo mugwi.

Abantu rero bari baza niba abo bakinyi bagiye kubandanya bakinira uyo mugwi mu gihe Amissi Cedrik yari aherutse kutumenyesha ko ari imyimenyerezo gusa akora muri uyo mugwi.  Karim Makenzi we asanzwe akinira umugwi wa Gormahia muri Kenya, nawe yoba agiye kugaruka mu mugwi yigeze kubera kizigenza? Amakuru tuzobandanya tubatohoreza.

171 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment