Scroll to Top

#Indundi Sports| Vivier Bahati arasigura icatumye atsindirwa na LLB ku kibuga ciwe.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 08 Dec 2016 05:00 AM / /
Uva i bubamfu ni Vivier Bahati amenyereza Musongati

Nkuko mu bizi ni mu mpera z’indwi iheze  umugwi wa Lydia Ludic wari wakubitiye mu ntara ya Gitega gukina n’umugwi wa Musongati, aho LLB watsindiye uyo mugwi ku kibuga cawo  ibitsindo bibiri kuri kimwe (2-1).

  Indundi sport inyuma y’urwo rukino twashoboye kubaza  uyo mumenyereza tumubaza igituma yoba yatakaje urwo rukino,  mu gihe vyari bizwi ko uyo mugwi bitoroshe kuwutsindira ku kibuga cawo. Vivier Bahati asanzwe amenyereza umugwi wa Musongati ,  yishuye ati:

“Gutakaza umukino wa Lydia Ludic,   sinshobora kuvuga ko hari impamvu yabitumye ahubwo mu mupira wa maguru n’uko bigenda hari ugutsinda, ugutsindwa tutibagiye n’ukunganya n’ukuri naragerageje gutegura umugwi mugabo ntiyari umusi wanje wo gutsinda. “

Ayo niyo majambo twabwiwe  na Vivien Bahati. Mu kibukako uyo murwi wa musongati Ubu uri mu kibanza ca 5 inyuma yo gutsindwa n’umugwi wa Lydia Ludic. Musongati ukaba uherutse kuva mu cicaro ca kabiri ku mwaka uheze. 

Bosingwa Radjabu.

63 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment