Scroll to Top

Mac Arthur yaraye akinye urukino rwiwe rwa 4 muri Lusaka Dynamosr

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 13 Jan 2019 08:02 AM / /

Inyuma yo guhabwa amasezerano y’umwaka n’igice yo gukinira Lusak Dynamos, Arakaza Mac Arthur yamaze gufata ikibanza ca mbere mw’igori.

Mu rukino rwa kivandwimwe Lusaka Dynamos yaraye ikinye n’umugwi Circuit City inawunyagira ibitsindo 3 Ku 0 kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 12 Nzero , Arakaza Mac Arthur yaciye arara akwije urukino rwiwe rwa 4 atangura mu kibuga nk’umunyegori wa mbere.

Arakaza Mac Arthur akaba yarakiniye umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba incuro zitari nke aranawufasha kuwushikana mu mw’ihiganwa rya CHAN 2013 yabereye Africa y’Epfo.

Add Comment