Scroll to Top

#Burundi| Ngo ntaco batagira kugira ngo babakureko amafaranga nabo atayo bakironka

By La Rédaction / Published on Thursday, 08 Dec 2016 07:21 AM / /

Kuva aho abunguruza abantu n’ibintu bakoresheje amakinga basanzwe bita”Taxivelos”  bahererwe itegeko ry’uko bategerezwa kugura umwambaro w’akazi ”gilet” ku mafaranga y’amarundi angana 13,000 hanyuma bagategekwa kuriha imbuga ”parking” amafaranga 2,ooo buri kwezi, hamwe n’igihugumbi bariha mw’ishirahamwe, ubu naho bategekwa kugura iparati ndanga-kinga ”plaque” mu kinyamazuru ku mafaranga angana na 8,000.

Gushika ubu rero abo basanzwe bunguruza abantu n’ibintu bakoresheje amakinga ngo ntibakigira ayo bacira n’ayo bamira, aho bibaza mbere ko boba bagomba kwomorwa mu gisagara ca Bujumbura kuko ngo ntivyumvikana ukuntu boguma basabwa amafaranga ukwo umusi utashe kandi nabo nyene bari basanzwe akazi kabo gacumbagira kuburyo kuronka ayo kuriha inzu n’ibifungurwa ngo bitari bikibororhera, na rirya benshi muri bo usanga babayeho muri ubwo buzima.

Bakaboneraho rero gusaba Leta guhagarika izo ngingo zibacinyiza hakiri mu maguru masha nayo ahandi ngo bagiye guheba umwuga wabo imiryango yabo ice yicwa na kigoyi.

Twomenyesha ko izo parati ”plaques” ziri ubwoko bubiri aho iyisa n’umuhondo ari iyagenewe abunguruza abantu n’ibintu baca amafaranga bakoresheje amakinga, iyindi nayo yera ikaba nayo yagenewe abafise amakinga adaca amafaranga.

79 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment