Scroll to Top

#Burundi| Ubushomeri ngo bugiye gusezererwa m’urwaruka rw’Uburundi

By La Rédaction / Published on Friday, 09 Dec 2016 05:04 AM / No Comments / 319 views

Umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imicokama aherutse gushiraho politike idasanzwe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 8 Kigarama 2016, iyo nayo ikaba yerekeye ingene igihugu kigiye gufasha kurwanya ingorane zisanzwe zihanze urwaruka rw’Uburundi na canecane ubushomeri.

Kubwa Isaac Ndayisenga asanzwe ari umuyobozi mukuru m’ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imicokama, amenyesha ko iyo politike y’imyaka icumi izotuma Leta ishobora kwegeranya uburyo buzotuma ingorane zari zihanze urwaruka zigabanuka na riya rwari rusanzwe rugeramiwe na canecane n’ukubura akazi rukora, ivyo ngo bikaba vyaca bituma rurguma rurwa mu zindi ngorane rutari rwiteze.

Isaac abandanya amenyesha ko ibikorwa uwo mugambi uzoba ushimikiyeko ko vyamaze gutororokanwa ndetse ngo bikaba bigiye kwirwa n’abazofasha muri uwo mugambi ”les bailleurs” mu kinyamazuru mu kiringo kitazorenga imyaka itanu.

4,269 total views, 4 views today

Comments

comments

Tagged as: