Scroll to Top

#Burundi| Imyidogo n’agashavu vyari birembeje abanya Bukinanyana bigiye kurangira

By La Rédaction / Published on Monday, 12 Dec 2016 06:58 AM / No Comments / 291 views

Mu gihe hari haheze imyaka itari mike abanyagihugu bo muri komine Bukinanyana iri mu ntara ya Cibitoke agashavu n’imyidogo bibarembeje aho bari bamaze ikiringo kitari gito baba mu kizime kandi urugomero rw’umuyagankuba ”centrale hydro-électrique de Rwegura” rusanzwe rwubatswe muri komine yabo, ubu iyo myidogo igiye kurangira kuko baherutse gushikirizwa uwo muyagankuba.

Mu birori vy’ukuwubashikiriza vyari vyatewe iteka n’uwaserukiye Leta y’Uburndi, umushikiranganji w’ubutare n’agataka bwana Côme Manirakiza mw’ijambo yashikirije, akaba yarasavye abanya bukinanyana ko bogerageza bagafata neza uwo muyagankuba maze baheze bazowukuremwo inyungu zitari nke mu myaka itari mike, gutyo babone nabo kwiteza imbere.

Abanyagihugu b’i Bukinanyana nabo bakaba barashimye cane iyo ngabire bahawe, bongera biyemeza ko bagiye kuyibungabunga na rirya ngo bayirose bayishashaye. Abo banyagihugu bakaba kandi baranamenyesheje ko baza batanguye kuyikuramwo ibitari bike na canecane ibikorwa vyinjiza amafaranga bisanzwe bikoresha umuyagankuba nk’utuzu tw’ukwimwesherezamwo hamwe n’iyindi myuga isaba umuyagankuba nk’ukubaza, ugushona impuzu n’ibindi.

Twomenyesha ko ishirwaho ry’uwo muyagankuba aho i Bukinanyana ryatwaye amafaranga y’amarundi arenga umuliyaridi umwe, ayo nayo akaba amwe yatanzwe n’igisata kijanye n’ivy’ubuhinga c’igihugu c’Ububiligi ayandi nayo akaba yavuye mu kigega ca Leta y’Uburundi.

5,014 total views, 8 views today

Comments

comments