Scroll to Top

#Burundi| Ibi nivyo bazohungukira abagiye gukoresha ikigo c’ubuhinga bwa none caraye cuguruwe

By La Rédaction / Published on Tuesday, 13 Dec 2016 01:42 AM / /

Mu gihe yari aramutse yuguruza ikigo kizohora gifasha abatari bake mu bijanye n’ubuhinga bwa none ”télécentre communautaire polyvalent” mu ntara ya Bubanza kuri uwu wa 12 Kigarama 2016, umushikiranganji w’ama posita, ubuhinga hamwe n’itangazamakuru, umushingantahe Nestor BANKUMUKUNZI, yaboneyeho gusaba abanya Bubanza ko bofata neza iyo ngabire kuko ngo igiye kubagirira akamaro kanini cane.

Umushikiranganji Nestor yarongeye ahamagarari abanya Bubanza na canecane abakozi ba Leta, abanyeshule, abadandaza ndetse n’abikorera utwabo kwijukira gukoresha ubwo buhinga bwa none kugira ngo bashobore kuja ku rugero rw’ibindi bihugu na rirya gushika ubu ibintu nka vyose bisigaye bikoreshwa muri ubwo buhinga bwa none.

Nk’abanyeshule n’abarimu, ico kigo ngo kizobafasha ibijanye n’ugusesangura ivyo baba bakenye na rirya usanga mu mashule nka yose ata bitabo bikwiye usanga bafise, ico kigo rero ngo kikazoheza kikabafasha kwungura ubumenyi. Nayo abadandaza n’abandi basanzwe bikorera ivyabo, ngo bizoheza biborohere gushobora kurangura ibidandazwa hanze y’igihugu ndetse n’ibijanye n’impapuro zimwe zimwe usanga zikenerwa mu mwuga wabo.

Twokwibutsa ko ico kigo kigize ica kabiri cubatswe mu Burundi, icambere kikaba caheruka kwugururwa mu ntara ya Rumonge. Nayo, uwo mushikiranganji Nestor akamenyesha ko Leta y’Uburundi yahagurukiye igisata c’ubuhinga bwa none, aho ngo ifise imigambi y’ugukwiragiza ben’ivyo bigo mu ntara hamwe n’amakomine agize igihugu.

 

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel