Home Burundi Ata gihindutse Babbi arashira ahabona EP y’indirimbo 5

Ata gihindutse Babbi arashira ahabona EP y’indirimbo 5

Harageze ko nkora EP yanje kubera urugezo umuziki wanje ugezeko. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Babbi mu kiganiro yagiranye na Indundi Magazine.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi avuga ko iyo EP yiwe izoba igizwe n’indirimbo 5, zizoba zikomeye cane kubera abahinyanyuzi bazikoze batandukanye kandi bakomeye. Aho akavuga kandi ko izo ndirimbo zacaguwe mu zindi kubera zikora ku mice itandukanye.

Iyo EP nkuko yabituyagiye avuga ko izosohoka muri uku kwa 3. Kubwiwe ngo n’igihe ciza kuko hari haheze imisi ishika ku 60, nukuvuga amezi 2, asohoye indirimbo yiwe ya nyuma. Abantu rero ngo bayitegane igishika.

Abajijwe nimba hari amasanamu zizosohokana, avuga ko yavyipfuza cane, ariko ngo muri kino gihe ico yipfuza gusumba ngo n’ukubanza kwanza gushira  ahabona Audio gusa kugira bikunde ko izo ndirimbo zishirwa ku mbuga ngurukukanabumenyi zigurisha umuziki nka Amazon, Spotify n’izindi.

Mwomenya ko abarenga ibihumbi 100 aribo bamaze kuraba amasanamu y’indirimbo yiwe yakoranye na BM, iyo ikaba yasohotse haraheze amezi nk’6, iyo kandi ngo akaba akiriko ayimenyekanisha nkuko yabandanije abituyagira.

Facebook Comments

Most Popular

#diaspora|Mkombozi asaba ko izina Lucifer atamuntu yosubira kuryita Satan

Mu ntumbero yo gukura amakenga ku mpari kw'izina yitwa nka Lucifer, Nzeyimana Thomas yatanze umuco.Mu kiganiro n'imwe mu mboneshakure yo mu gihugu ca Tanzania...

Rumonge : Iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika ryononye vyinshi

Amahegitari arenga mirongo itanu ari ahitwa mu Gatakwa, ni muri Komine hamwe n’intara ya Rumonge yahora yimburwamwo umuceri, ibigori n’ibindi biterwa bitandukanye, niyo amaze...

Ukuri kubivugwa y’uko Lydia Nsekera yoba arwaye Coronavirus

Hamaze imisi hariko harakwiragizwa inkuru ivuga y'uko uwigeze gutwara Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi FFB, akongera agatwara CNO ( Comite National Olympic ) mu...

Igihugu c’Ubushinwa caraye gihaye Uburundi ibikoresho mu ntumbero yo kurwanya Covid-19

  Umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida, Thaddée Ndikumana yarakiriye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 4 Ruheshi 2020 imitekero 4 y’ibikoresho, imfashanyo...

Facebook Comments