Scroll to Top

#Indundi| Unicef Burundi iramenyesha akamaro k’ubuhinga bushasha bwa none “RapidPro”

By La Rédaction /Published on Wednesday, 14 Dec 2016 02:11 AM // 188 views

Nk’uko ishirahamwe ryitaho canecane abana basanzwe babayeho mubuzima bwa ntakigenda UNICEF Burundi ribishikiza, ngo ryarazanye ubuhinga bwa none mu Burundi muri uwu mwaka turimwo wa 2016, ubwo nabwo bukaba bwiswe “RapidPro” bukaba busanzwe bufasha abakora mu gisata c’ukwitaho amagara y’abantu “agents de Santé” kwama na ntaryo bashikiriza amakuru ajanye n’ubuzima bw’abantu ku mwanya ku mwanya bakoresheje terefone ngendanwa zabo.

Ubwo buhinga bukaba bwashizwe ahabona mu Burundi mu gihe ca “édition” igira iya kabiri ya SSME yabaye uwu mwaka nyene turimwo wa 2016 mu ntumbero y’ugukiza ndetse n’ukwongereza ivyahahora mu bijanye n’ukwitaho ubuzima bw’abantu na canecane abana.

Iryo shirahamwe Unicef Burundi rikaboneraho akaryo k’uguhamagarira abarundi bose kwijukira gukoresha ubuhinga bwa none mu bisata vyose bigize ubuzima bw’igihugu gutyo babone kuja k’urugero rw’abandi bamaze kumenya akamaro k’ubwo buhinga.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel