Scroll to Top

#Burundi| Haracari agahaze kugira ngo umugambi w’ugutanguza ubuhinga bushasha bw’imboneshakure utere imbere

By La Rédaction / Published on Thursday, 15 Dec 2016 06:57 AM / / 163 views

Mu gihe hasigaye imisi mike kugira ngo hatanguzwe mu Burundi ubuhinga bushasha bw’imboneshakure zigezweho ”télévisions numériques”, mu mamangazini atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura haracibonekeza ku bwinshi imboneshakure za kera, izo nazo zikaba zisaba ko umuntu kugira abone amasanamu meza ko ategerezwa kuba afise ”décodeur” mu gihe izo zo kubuhinga bwa none usanga zifitiye imirongo imwimwe ”chaînes” isanzwe yakoranywe nazo.

Kuva mu buhinga bwa kera uja muri ubwo bushasha rero bikaba gushika ubu bigiteye ikibazo aho usanga izo mboneshakure za none zifise ikiguzi kirekire ugereranije n’uburyo abanyagihugu basanzwe bafise. Nk’imboneshakure ntoya igurwa amafaranga ari hagati ya 450,000 na 600,000 y’amarundi, nayo ama ”décodeurs” akaba agurwa kuva ku mafaranga 9,000 gushika ku mafaranga 76,000 y’amarundi.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel