Scroll to Top

#Indundi Sports| Yaraye fashe urugendo rugana igisagara ca Dallas muri USA

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 15 Dec 2016 12:41 PM / / 708 views

Wari umunezero ukomeye mu bakinyi bahora bakinana n’umwigeme Ines Nezerwa mu mugwi wa Berco Stars, ndetse n’abagenzi biwe, aho kumunsi w’ejo yari aramutse afata indege igana igisagara ca Dallas muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Akaba agiye kwiga kuri Jacksonville College muri ico gihugu, akaba azofatanya kwiga ndetse n’ugukina umupira wa BasketBall kuri iryo shure ryo muri Leta ya Texas.

Tubibutse ko uyundi mwigeme amaze kuba yiga ndetse akanakinira kuri iryo shure ari Kalume Sifa Florence batazira Dada, aherutse  gutangaza benshi mu guha igikombe iryo shure, aho yatsize ishure rya Paris College mu rukino rwa nyuma amanota agera kuri 28 wenyene mu manota 78 ishure ryiwe ryatsinze.

Tumwifurize amahirwe nawe no gufasha abandi batoya asize mu migwi ya hano iwacu.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel