Scroll to Top

#Burundi Diaspora| Ishirahamwe ry’abarundi baba muri Canada riherutse guha ingabire Leta y’Uburundi

By La Rédaction / Published on Friday, 16 Dec 2016 06:59 AM / /

Ishirahamwe risanzwe rikorera muri Canada rizwi nka “KIRA BURUNDI” rifadikanije na CEBULAC “Centre Burundais de Lecture et d’Animation Culturelle” riherutse kuronsa Leta y’Uburundi ingabire y’ibitabu bigera kuri 3.561.

Umushingantahe Diomède Niyonzima yari yaserukiye iryo shirahamwe KIRA BURUNDI yarakoranije abarundi basanzwe batuye muri Canada afadikanije n’umushingantahe Jean Bosco Nzigamiye asanzwe arongoye CEBULAC, maze aboneraho kuronsa ingabire y’ibitabu bingana 3.561 umushingantahe Jean Bosco Hitimana asanzwe ari umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imicokama.

Iyo ngabire y’ivyo bitabu ikaba iharurwa mu mafaranga y’amarundi agera ku miliyoni 196,7 (196,7 millions BIF) hamwe n’ay’ukuvyunguruza “frais de transport” agera ku miliyoni icumi na zibiri z’amarundi (12 millions BIF).

Twokwibutsa ko gushika ubu, Leta y’Uburundi ko yijukiye guhimiriza canecane urwaruka gukunda cane gusoma ibitabu hamwe n’ukwitaho gushakisha ubumenyi baciye ku buhinga bwa none “internet”, ivyo bikazotuma ubumenyi bwiyongera mu barundi n’abarundikazi.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel