Scroll to Top

#indundi | Ukuri ku rupfu rwa Bahati Bukuku umuririmvyikazi w’umu Tanzania

By KING YANN COOL / Published on Friday, 16 Dec 2016 10:25 AM / / 2557 views

Mu gihe bariko bavuga ko yamaze kwitaba Imana umuririmvyikazi BAHATI BUKUKU akomoka muri Tanzania, yayaze n’insamirizi EA radio ikorera muri Tanzania nyene abamenyesha ko akiriho kandi agihumeka, yongera avuga icagiye gukorera abamubitse ko yapfuye.

umuririmvyi aririmba indirimbo zihimbaza Imana akomoka mu gihugu ca Tanzania, yarabeshuje inkuru yarigize igihe ivurwa ko yoba yapfuye bivuye kw’isanganya yagize.

Uwo muririmvyikazi aho yayaga n’uwusanzwe akoresha ikiganiro Planet Bongo ku nsamirizi EA Radio, yamenyesheje ko ababikoze ari abashaka kumugabaniriza abakunzi b’umuziki wiwe. Ariko akabagabisha avuga ko ivyo ari imigambi y’umurwanizi SATAN ariko ko ataco izoshikako kuko umusi w’ugusezera isi wiwe uzwi n’umukama gusa Ariko SATAN we atawazi.

Uwo muririmvyikazi yabandanije amenyesha ko yamaze kwitura ubutungane ngo bumufashe kurondera abatanguje gukwiragiza iyo nkuru ku mbuga ngurukanabumenyi.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel