Scroll to Top

#Burundi| Igitero c’inkozi z’ikibi zitaramenyekana caraye gikomerekeje abantu 12

By Indundi Staff / Published on Friday, 16 Dec 2016 11:19 AM / /

Nk’uko ikinyamakuru c’insamirizi y’Uburundi kibimenyesha, mw’ijoro ryo ku musi wa kane ushira uwagatanu igenekerezo rya 15 rishira 16 Kigarama, inkozi z’ikibi zitaramenyekana zarateye ahasanzwe hari inzu y’uburaro yitwa Phoenecia iri ku murwa mukuru w’intara ya Bururi maze ziraheza zikomeretsa abantu bashika 12 harimwo icegera ca Komiseri w’igipolisi muri iyo Ntara hamwe rero  n’uwujejwe iperereza muri iyo Ntara nyene, yamara Imana ikaba yakinze akaba atawitavye Imana.

Amakuru aramvuye neza kw’ido n’ido ry’ico gitero akaba agitohozwa.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel