Scroll to Top

#Indundi Sports| Urwaruka rukiri ruto rugiye kwigishwa urukino rwa Basket Ball.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 16 Dec 2016 12:57 PM / No Comments / 236 views

Muri buno buruhuko bwa Noel bugiye gutangura, abana bafise kuva ku myaka 12 gushika kuri 17 , bagiye gufashwa mu vyerekeye ubuhinga bw’urukino rwa BasketBall.

Bamwe mu bamenyereza basanzwe bari mu migwi ikomakomeye hano mu gisagara ca Bujumbura bakaba batunganije ivyo bikorwa vyo mu buruhuko kugira bafashe abana kutaja mubisamaza hamwe n’ukubafasha mu guterimbere mu rukino rwa Basket Ball.

Patrick Richard Ngwijuruvugo asanzwe amenyereza umugwi wa Berco Stars akaba n’icegera c’umumenyereza w’Urunani, arahamagarira abavyeyi n’abo bose bafasha mu vyerekeye inkino kugira ico gikorwa kize kigende neza.

Ivyo bikorwa bikazohora bibera ku kibuga ca Parquet kuva kuri uno wambere kuva igihe c’isaha zibiri gushika isaha zine z’agatondo.

6,043 total views, 6 views today

Comments

comments

Tagged as: