Scroll to Top

#Burundi|Uburundi buheruka kuronka indege izohora irerura umukuru w’igihugu

By La Rédaction / Published on Saturday, 17 Dec 2016 02:04 AM / /

Indege izohora irerura umukuru w’igihugu cacu Golf Stream 4 yarashitse i Bujumbura kuri uwu wa kane uheze igenekerezo rya 15 Kigarama 2016 ivuye muri Leta zunze ubumwe za Amerika, aho yakiriwe n’abashikiranganji babiri, uw’umutekano Alain Guillaume Bunyoni hamwe n’uw’ingendo Jean Bosco Ntunzwenimana.

Umushikiranganji Ntunzwenimana akaba yamenyesheje ko iyo ndege ifise ibibanza biri hagati ya 14 na 19, akongera ko kuva ubu umukuru w’igihugu agiye kuza ariyunguruza akoresheje indege rwiwe mu gihe yahora akoresha ubundi buhinga kugira yiyunguruze.

Nayo Zéphyrin MANIRATANGA asanzwe ari umukuru wa protocole ya Perezida yamenyesheje ko ari icubahiro kidasanzwe ku gihugu ndetse ko n’abarundi boshobora kwiruhutsa kuko na rirya hari haheze igihe kitari gito biteze ko iyo ndege iboneka.

Twokwibutsa ko kuva mu mwaka wa 2006, aho hamenyeshwa ko indege yahora irerura umukuru w’igihugu Falcon50 ko yagurishijwe, gushika ubu Perezida Nkurunziza akaba ata ndege yari afise imurerura.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel