Scroll to Top

#Burundi| Ibarabara ryitiriwe urwaruka mu misi rirashobora kutabandanya rikora mu gihe atacohinduka

By La Rédaction / Published on Saturday, 17 Dec 2016 08:57 AM / No Comments / 166 views

Ibarabara ryitiriwe urwaruka ”Avenue de la Jeunesse” risanzwe rigabuye amakaritiye ya Jabe na Bwiza, rirageramiwe n’ikinogo cimbwe muriryo, aho gushika ubu, abasanzwe barikoresha bafise za ngendeshwa bisigaye bigora kubisanya mu gihe baba bahuriye aho usanga harimbwe ivyo binogo.

Ico kinogo gifise ubwaguke bugera ku metero imwe hamwe n’uburinganire bwababa santimetero mirongo itanu, giherereye haruguru y’urushengero ruzwi cane nko kwa David ”Eglise Vivante de Jabe” kikaba kimaze igihe kitari gito gitera ingorane, aho abahegereye bamenyesha ko ata musi wijana ata sanganya rihabereye riturutse kurico.

Abasanzwe bafata iryo barabara bagasaba Leta y’Uburundi ko yogerageza ikaraba ukuntu yosubiramwo iryo barabara kugira ngo amasanganya abone kugabanuka.

Vincent Nibayubahe asanzwe ari umuyobozi mukuru muri ofisi y’igihugu iraba ibijanye n’amabarabara ”Office National des Routes”, arahumuriza abanyagihugu aho amenyesha ko bariko bagerageza kwegeranya uburyo kugira ngo barabe ko boshobora gusubiramwo iryo barabara maze risubire gukora neza.

4,021 total views, 10 views today

Comments

comments