Scroll to Top

#Burundi RTNB| Ubuhinga bwa none ”numérisation” bwadushwayemwo

By La Rédaction / Published on Monday, 19 Dec 2016 01:07 AM / /

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 19 Kigarama 2016 niho insamirizi n’imboneshakure vy’Uburundi RTNB (Radio et Television Nationale du Burundi) yatanguza bwa buhinga bushasha bwa none ”numérisation” yari imaze igihe imenyesha ko igiye guhindura maze ije ku rugero rw’ibindi bihugu vyo mu karere bisanzwe bikoresha ubwo buhinga.

Ibirori nyezina vy’ugutanguza ubwo buhinga bwa none bikaba vyari vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu cacu, Petero Nkurunziza aho yari yishikiye ahasanzwe hakorera iyo nsamirizi.

Twokwibutsa ko ubwo buhinga bwa none buje kugira ngo insamirizi n’imboneshakure vy’Uburundi bishobore kubandanya bishikiriza ibiganiro vy’akanovera aho hanategekanwa ko abasanzwe bagikoresha za mboneshakure za kera ko bozihindura maze bakagura izigezweho, yamara nabazoba bakizifise bakazoshobora kuraba ayandi ma chaines bakoresheje bwa buhinga bwa ”decodeur”.

Twokwibutsa kandi ko insamirizi y’Uburundi yamenyesheje ko umurongo w’igihugu RTNB uzobandanya ukoreshwa ku buntu nk’uko vyahora.

 

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel