Scroll to Top

#indundi | Murahawe ikaze muri Dutambe Night imbere yuko umwaka uhera

By KING YANN COOL /Published on Monday, 19 Dec 2016 10:34 AM // 896 views

Ikindi giteramo gihuza abarundi batandukanye basanzwe baba muri Leta zunze ubumwe za amerika camaze gutangura gutegurwa. Ivyo bikaba bibonekera Ku urupapuro ndanga giteramo rwamaze gushirwa ahabona.

Abaririmvyi nka Babbi, Don’t Brighter, chuz B, Mr Jay, Cocoda, Double Z na Rally Benz nibo bazoba bari muri ico giteramo kizobera muri Phoenix ku musi wa gatanu wa nyuma w’umwaka wa 2016 aho azoba ari itariki 30 kigarama.

Muri ico giteramo kizobera kuri 2423 Devonshire Ave Phoenix Az 85015, ukwinjira akazoba ari $10 mu bibanza bisanzwe hamwe n’ama $20 mu bwugamo bw’iteka.

Mwomenya ko haheruka kuba ikindi giteramo nkico aho amashirahamwe abiri ahurikiyemwo abarundi ariyo BAHO na Reunion257 bashirahamwe bagategura igiteramo c’agakura naco nyene cahuje abarundi nyene, ariko ubu iki kikaba giteguwe na Indundi igisata caco kiri muri Phoenix Az.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel