Scroll to Top

#Burundi| Ikibazo ca connection ya interenete hamwe n’ibiciro vyayo kigiye gukemuka

By La Rédaction / Published on Tuesday, 20 Dec 2016 02:18 AM / / 1204 views

Umukuru w’igihugu cacu, Petero Nkurunziza yaraye atanguje ubuhinga budasanzwe mu bijanye na interenete bwiswe MAN (Metropolitan Area Network), ubwo nabwo bukaba bugiye gutuma connexion yahahora yongerekana, aho Uburundi bugiye guca bugira Fibre Optique irenga ibirometero ibihumbi icumi, (10.000Km de Fibre optique), ushizeko izo amashirahamwe Lumitel na BBS yahorana, akaba ari : Lumitel (700km), BBS (100km) hamwe niyo MAN (250km).

Eka sivyo gusa ngo n’ibiciro vyahahora abarundi bizeye ko bigiye kugabanuka ku rugero rudasanzwe kuko ubwo buhinga MAN ngo ni umuhora wa mbere uhagaze neza usanzwe ukora mu bihugu bigize Afrika y’Ubuseruko.

Twomenyesha ko ubwo buhinga bwazanywe n’ishirahamwe ry’abashinwa HUAWEI Technologies risanzwe ari irya mbere kw’isi yose mu bijanye n’ubuhinga bw’itumatumanako, aho Leta y’Uburundi ngo yashoboye kubushiramwo amafaranga agera ku miliyoni 9 z’amanyamerika, (9 millions de dollars) nayo igenzurwa ryabwo rikaba ryahawe ishirahamwe ry’abafaransa SOFRECOM.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel