Scroll to Top

#Burundi| Ikigo c’igihugu ca bamukerarugendo catanguye kumenyekanisha ivyo gihingura

By La Rédaction / Published on Wednesday, 21 Dec 2016 08:16 AM / /

Mu ntumbero y’uguhimbaza umusi mukuru wa Noheli, ikigo c’igihugu mu bijanye na bamukerarugendo ”Office National du Tourisme” caboneyeho akaryo k’ukumenyekanisha ivyo gisanzwe kirangura muco cise ”Marché de noël” catanguje kuri uno wa 21 Kigarama 2016, aho ibidandazwa bitandukanye vy’abahanzi bizohora bigurishirizwa ku cicaro c’ico kigo muri iyi misi igera kuri itanu isigaye kugira ngo Noheli igere.

Iryo soko ryateguwe n’ico kigo rikaba rigize irya gatatu ”3ème édition”, aho gushika ubu rimaze kuronka abahanzi b’abarundi bazana ibikoresho bahinguye bagera kuri mirongo itatu n’umwe.

Mwomenya kandi ko ico kigo Office National du Tourisme canateguye ikibanza abana bazoshobora gukiniramwo, ndetse umuyobozi w’ivyirwa hamwe n’ugutanga inyigisho muri ico kigo, umushingantahe Christophe Ndikubwayo akaba ashima cane ukungene abarundi berekanye umutima bafitiye ibikorwa vy’utugenegene vyahinguwe n’abarundi, ariko anamenyesha ko Uburundi bukiri kure kugira ngo bushike k’urugero ibindi bihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko bigezeko muri ico gisata.

Categories : homepage kirundi Tourism

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel