Scroll to Top

#Burundi| Leta y’Uburundi ngo igiye kwitwarira muri sentare Ubumwe bwa Afrika

By La Rédaction / Published on Wednesday, 21 Dec 2016 09:06 AM / /

Umushikiranganji w’ukwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba, umushingantahe Emmanuel Ntahomvukiye, mu mubonano wabaye ku musi w’ejo uheze igenekerezo rya 20 Kigarama 2016, hagati y’umukuru w’igihugu c’Uburundi hamwe n’intwaramiheto z’ukwivuna abansi n’izicungera umutekano, yaragarutse ku kibazo kijanye n’agashahara k’abasirikare bahurikiye muri AMISOM gushika ubu kabaye umuzi w’ibuye.

Emmanuel Ntahomvukiye akaba yaramenyesheje ko ikibazo c’iteba gutangwa ry’ako gashahara atari ica Leta y’Uburundi ariko ko ari ic’Ubumwe bwa Afrika, yongera asaba Leta y’Uburundi ko yohagurukira ico kibazo kimaze igihe kitari gito giteye ingorane mu nzego z’igisirikare.

Umukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza nawe akaba yamenyesheje ko abarundi ari abantu badasanzwe ko vuba bwango Uburundi bugiye kwitwarira ubumwe bwa Afrika kuko butashoboye gushitsa ivyo bwasezeranye na Leta y’Uburundi, mu gihe bwemeza ko bugiye kurangura ivyo bwaserenye na Leta y’Uburundi yamara mu nyuma bugahendwa hama bukisubirako.

Petero Nkurunziza yarongeye amenyesha ko abasirikare b’Uburundi bari mu gikorwa c’ukugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya bazotegerezwa guhembwa agashahara kabo kose hamwe n’inyungu zako ”les intérêts moratoires”.

Perezida Nkurunziza akaba yanamenyesheje kandi ko iryo teba mu guhabwa agashahara k’abo basirikare ko ryatanguye kwibonekeza mu gihe ubumwe bwa Buraya bwafata ingingo y’ukutazohora bucisha agashahara k’abo basirikare ku makonte ya Leta y’Uburundi yo muri banki nkuru y’igihugu BRB, akaba yanaboneyeho gushimira abasirikare bari mu gihugu ca Somaliya mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro k’ukungene bitwaye neza maze bakarahira kuba abacangero.

Mu gufata iyo ngingo rero y’ukudahemba abo basirikare b’abarundi bahurikiye muri AMISOM, Leta y’Uburundi ishikiriza ko ubumwe bwa Afrika bwasutswe n’ubumwe bwa Buraya kandi ngo buzohahombera vyinshi.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel