Scroll to Top

#Indundi| Uku niko ibiciro vya interenete bisigaye bimeze kuva aho ubuhinga bushasha MAN buziye

By La Rédaction /Published on Sunday, 25 Dec 2016 01:04 AM // 315 views

Nk’uko iki kimenyeshamakuru canyu cari carabibashikirije kuwa 19 Kigarama uwu mwaka turimwo wa 2016, umukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza yaruguruye ibikorwa vy’ubuhinga bushasha i Bujumbura bijanye n’ubuhinga bw’itumatumanako amakuru MAN (Metropolitan Area Network), gushika ubu rero ubwo buhinga bukaba bwaratanguye kworohereza abanywanyi basanzwe bakoresha interenete na canecane ku bijanye n’ibiciro vyahahora.

Révérien Ntagaye asanzwe ari umuyobozi mukuru wa ONATEL (Office national des télécommunications) akaba yashikirije kuri uwu wa 23 Kigarama uheze ko ibiciro vyagabanutse gushika kuca kabiri ”moitié” k’umunywanyi aba akoresheje imwe muma ”bouquets” ya interenete akoresheje ubwo buhinga MAN aho yatanze akarorero k’ama ”bouquets ménages” afise ”débit” ya 256Kps, 512Kps hamwe na 1Mbps ko yagabanutse ku bice bingana na 58%, 66% hamwe na 57% ukoresheje ”connexion” ya interenete Wimax.

Nayo kubijanye n’aba ”clients” bmaze gutangura gukoresha ubwo buhinga MAN, Révérien Ntagaye amenyesha ko ari canecane amabanki, ama ”micro-finances”, ibisata bitandukanye vya Leta y’Uburundi, ubuserukizi bw’ibihugu bitandukanye bukorera mu Burundi, uburaro bw’ingenzi butandukanye hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu asanzwe arangurira imirimo yayo mu Burundi.

Révérien aboneraho guhamagarira ibisata bikomakomeye bitandukanye bikorera mu Burundi nk’ama hinguriro hamwe n’abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura basanzwe bataratangura gukoresha ubwo buhinga ko bonyaruka kwiyandikisha maze nabo birabire akarusho ubwo buhinga bwisangije na canecane kubijanye n’umuvuduko udasanzwe hamwe n’ibiciro bitavuna.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel