Scroll to Top

#Indundi Sports|Ikibazo c’amasezerano hagati y’imigwi n’abakinyi bayo kiraraje ishinga indongozi za FFB.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 25 Dec 2016 11:31 AM / /

Mu nama ya bose y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru yabaye ku munsi w’ejo mu ntara ya Gitega, vyarabonetse ko ikibaza cerekeye amasezerano hagati y’imigwi  n’abakinyi basabzwe bayikinira, kiraje ishinga abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi.

Uwusanzwe arongoye ishirahamwe rya FFB, yaramenyesheje ko muri kino gihe umugwi wose ufise abakinyi barenza imyaka 18, bategezwa kugira amasezerano yanditse n’imigwi basanzwe bakinira. Yongeye kandi aramenyesha ko abakinyi baheraniwe n’imigwi bakinamwo, bategezwa kurihwa, bitaruko yo migwi ikaba itazoronka ica kabiri gisigaye c’amahera isanzwe ifashishwa na Federation. N’ukuvuga ko hazomanzwa kurihwa abakinyi.

Tubibutse ko muri ino minsi hari ibibazo mu migwi itandukanye bivuye n’uko hari abakinyi baheraniwe n’imigwi yabo ku mahera  batahawe ajanye n’ukurwa baja muri iyo migwi.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel