Scroll to Top

#Burundi| Iki nico catumye bizera ko agashahara kabo gashobora kuboneka vuba

By La Rédaction / Published on Tuesday, 27 Dec 2016 03:03 AM / /

Abasirikare b’Uburundi ngo bafise icizere c’uko bashobora kuronswa agashahara kabo kamaze igihe kitari gito kataboneka ku basirikare bahurikiye muri AMISOM basanzwe bari mu bikorwa vy’uguhagararira amahoro mu gihugu ca Somaliya, aho baheraniwe agashahara k’amezi agera kuri icumi na kumwe (11 mois d’impayés).

Nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi wa FDN (Force de Défense Nationale), bwana Gaspard Baratuza, ngo ico cizere batanguye kukigira mu gihe komisiyo y’ubumwe bwa Afrika iherutse kumenyesha ko hagiye kuba ibisikanya ry’abasirikare bo mu ma bataillons agera kuri atatu, iya 41, 42, hamwe n’iya 43, bari basanzwe bari muri ico gikorwa c’uguhagararira amahoro, umwaka wari urangiye.

Igisirikare c’Uburundi kikaba rero casabwe kuba kirategura abo kizosubiriza abo bagomba gutahuka barangije ikiringo cabo muri Somaliya, hakaba nk’uko bibonekera mw’ibaruwa ubumwe bwa Afrika bwarungikiye ubuserukizi bw’Uburundi muri Addis Abeba, hategekanijwe ko iryo bisikanya ryoba kuva kw’igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2017 gushika kurya 25 Ruhuhuma 2017, aho hitezwe kuzorungikwa murri Somaliya abasirikare bagera kuri 2.301.

 

57 total views, 0 views today

Add Comment