Scroll to Top

#Burundi| Umutambukanyi wa Kizigenza w’Uburundi , yaratanze impanuro zikomeye ku rwaruka

By Indundi Staff / Published on Thursday, 29 Dec 2016 05:40 AM / / 351 views

Umupfasoni w’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Denise Nkurunziza, yahanuye urwaruka rwo mu Ntara ya Rutana kurikanura rukagumana na ntaryo inyifato ibereye, maze gutyo ngo akaba aribwo  buryo  bugororotse  bw’ugushika ku ndoto zarwo. Izo mpanuro zinyuranye rero bakaba bazironkerejwe ahitwa i Gihofi kuri Paruwasi y’isengero Katolika yitiriwe umutagatifu Setifano mu Ntara ya Rutana

Yarabandanije kandi arahanura urwaruka kuzigama imishaha yabo, bakitandukanya n’ibinezera umubiri, nkuko navyo bikunda kubakarira mu myaka yabo y’ukwaruka . Nayo ngo inzira y’ukubishikako si iyindi atari nyabuna kwama bakwirikiza impanuro z’abagororotsi,  na canecane abo bantu bose bigaragara mu nyifato ko baha icubahiro, uwuhoraho, nyene Isi n’Ijuru, gutyo bakirinda gu hagarara mu nzira z’abanyavyaha cank’ukwicarana n’abacokoronyi.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel