Scroll to Top

#Burundi| Ngo ihagarikwa ry’akarusho kajanye n’uburambe mu kazi rirabahagaritse umutima.

By Indundi Staff / Published on Thursday, 29 Dec 2016 06:34 AM / / 210 views

Ivyo vyashikirijwe n’uwusanzwe arongo ishirahamwe ry’abakozi SYNATEF ,rihurikiyemwo abarimu bigisha mu mashure y’ibanze( Ecole Fondamentale).  Inyuma yaho amenyeshereje ko ako karusho kahora gahabwa abarimu bafise uburambe mu kazi bungana canke burenga imyaka cumi n’itanu kahagaritswe.  Uwu mukuru w’iyo Syndicat, Victor ndabaniwe ngo atangajwe rero n’uko , mu gihe hariko hirwa ibijanye n’ukunganisha imishahara hagati y’abakozi ngo muvyo bari bashitseko vyohindurwa  ako karusho katari mu rutonde rw’uburusho bwokozweko.

Ngo bagize ntya rero baza basanga  mw’itegeko rigenga amafaranga Reta itegekanya gukoresha muri uwu mwaka uza ,  harimwo ivy’uko ako karusho nako kazogenda mu bundi, nkuko  bigaragarira mu ngingo ya 22 yaryo. Ivyo rero  ngo kwabaye nk’ukuyaga amasigaracicaro mur’ivyo biganiro vyabaye mu mwaka wa 2015 kuko uko babikoze atariko bari babivuganye namba.

Yamara yamenyesheje ko ibiganiro bibandanya hagati yabo n’igihande caserukiye Reta, mu ntumbero y’ukuraba ko atacokiranurwa.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel