Scroll to Top

#Burundi| Yaraye mu buroko yagirizwa guhungabanya umutekano

By La Rédaction / Published on Thursday, 29 Dec 2016 06:31 AM / /

Nk’uko bishikirizwa n’umuyobozi wa CSB (La confédération libre du Burundi), umushingantahe Gilbert Nyawakira, ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu twaraye turangije igenekerezo rya 28 Kigarama 2016, umuyobozi wa COSYBU(confédération des Syndicats du Burundi) bwana Tharcisse Gahungu yaraye mu gasho k’igendereza aho yafashwe n’igipolisi ahejeje kugirisha inama y’ukwamamaza ibikorwa COSYBU isanzwe irangura akaba yayigirishije abakozi basanzwe bakorera mw’ihinguriro ry’icayi ryo mw’ijenda abasaba kuja mu ma syndicats gutyo babone guharanira agateka kabo.

Amakuru ashikirizwa n’umukozi umwe wo kuri iryo hinguriro ry’icayi ryo mw’ijenda amenyesha ko Tharcisse Gahungu yafashwe kw’itegeko ry’umuyobozi w’iryo hinguriro bwana Jacques Bigirimana, akaba yagirizwa kuba yarahungabanije umutekano w’abanyagihugu, « troubler l’ordre public ».

Gilbert Nyawakira akabona rero ko ihagarikwa ry’uwo muyobozi wa COSYBU ko riciye kubiri n’amategeko na rirya ngo yari asanzwe afise uruhusha rumurekurira kugirisha iyo nama, akaboneraho gusaba ko yorekurwa mu maguru masha.

Categories : homepage kirundi security

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel