Scroll to Top

#Burundi| Imbohe 4 harimwo abapolisi babiri ngo boba baboshwe vy’agahotoro.

By Indundi Staff / Published on Thursday, 29 Dec 2016 06:38 AM / /

Ishirahamwe riharanira ukurwanira agateka k’abapfungwa na canecane batagira gtitabara ,  rimenyesha ko Imbohe Léonarudo Ngendakumana;  Ahingejeje Ferdinando  hamwe n’umupolisi yitwa Albin Nkengurukiyimana , barejejwe na Sentare ku vyaha bagirizwa bamwe italiki 5 za Kigarama, abandi italiki 3 gitugutu. Nayo uwitwa Désiré Mitimigamba  wewe yari yafashwe italiki 26 Nyakanga 2015  n’ubu ngo akaba amaze umwaka aryamye mu buroko atararengutswa namba imbere y’umucamanza . Bose rero uko ari bane bapfungiwe mw’Ibohero ryo mu Ntara ya Ngozi.

Iryo shirahamwe( AVP) ribandanya rimenyesha ko ako ari agahotoro kubona umuntu yezwa na Sentare hanyuma yamara akagumizwa mw’i bihero kuko ngo iyo bibaye uko, umuntu akezwa na Sentare, amategeko ategekanya ko ategerezwa kubanza kurekurwa naho Umushikirizamanza yoba yamaze kugaya urubanza akarwunguruza.

Iryo shirahamwe rero risaba Umushikirizamanza akukira Sentare y’iyungururizo( Cour d’Appel)  y’i Ngozi ko yoheza nyabuna ngo akihutira kubabohora na narirya ngo ata n’icaha basanzwe ko.

 

Categories : Burundi homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel