Scroll to Top

#indundi | Tz | Diamond yamenye ibanga kuvyariko arakora n’ivyo yimirije gukora

By KING YANN COOL / Published on Friday, 30 Dec 2016 05:59 AM / No Comments / 1889 views

Diamond kamucorotse amena ibanga mu gihe yariko aganira n’umumenyeshamakuru mu giteramo baheruka gukora ku nweri ku bikora agiye gukorera mu gihugu ca Amerika.

Mu gihe umuririmvyi diamond Platnumz yaheruka kwereka isi ko aheruka gukorana indirimbo na mugenziwe NEYO, yahavuye amena ibanga avuga ko hagisigaye ko hakorwa amasanamu y’indirimbo bakoranye n’umuririmvyi JAY-Z umushingantahe wa BEYONCE.

Ivyo uwo muririmvyi w’igihangange vyamucorotse aho yariko aganira n’umumenyeshamakuru imbere yuko aja mu giteramo yari yateguye mu gisagara ca Dar-es-sallam ku mucanga.

Mu makuru dukesha ibinyamakuru vyo muri ico gihugu ca Tanzania nuko uwo muririmvyi ariko ariha ikibanza mu muziki w’isi yose amaze gukorana indirimbo n’ibihangange nka Rihanna na Rick Ross ariko izo zose zitarashirwa ahabona kuko ziri mu rukurikirane azoshira ahabona Vuba cane.

Mwomenya ko indirimbo yakoranye na NEYO iriko ikorerwa Promotion ku mugabane wa Buraya na Amerika n’uruganda UNIVERSAL ruheruka kumuha amagaranga angina n’umuliyoni w’amadollards ($1.000.000) n’imiliyaridi zingana 2 n’ibihumbi 500 ( 2.500.000 fbu) ngo yemere bakorane.

 

Indundi Tv Presents #Hits News Sat B SATURA is back in Burundi Dec 29/2016

7,962 total views, 2 views today

Comments

comments