Scroll to Top

#indundi | Vera Sidiki yasobanuye icatumye yambara uko yari yambaye mu giteramo kuri NOEL

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 01 Jan 2017 10:55 AM / / 1527 views

Vera sidiki ntiyariye umunwa mu kuvuga icatumye yambaye uduhuzu two musi(BIKINI) ku musi w’igiteramo yari yatumiwemwo na WASAFI ku Noeli, eka yaranasobanuye igituma yahisemwo n’amabara y’iyo BIKINI yiwe yambaye.

Vera Sidiki n’umunya Kenya yahamagawe na diamond mu giteramo baheruka gukora ku musi wa Noel, uwo munya Kenya abenshi baribajije igituma yambaye uko yari yambaye canke yacaguye kwambara amabara yari mu mpuzu yari yambaye.

Aganira na Clouds Tv uwo mwigeme w’umunyakenya yabwiye ico kinyamakuru co mu gihugu ca Tanzania ko umubiri wiwe ariwo mutahe afise adandaza kugira abashe kubaho, ngo uwumukeneye kumuhamagara kuryosha ibirori vyiwe akoresheje ubwiza bwiwe ngo araheza akamwakura bakayaga, ariko kandi ngo bamufata ku masaha niho abasha kukubwira amafaranga uri bumuhe naho atabashije kwemera kuvuga amafaranga yakira kw’isaha.

Uwo mwigeme twovuga ko adandaza ubwiza bwiwe yabandanije abwira ico kinyamakuru ko yacaguye kwambara utwo duhuzu two musi(BIKINI) kuko ico giteramo yari yatumiwemwo cabereye ku mucanga, kuri Beach, ngo nta kuntu yari kwambara izindi mpuzu kandi izo arizo zo kumucanga.

Ariko naho abantu bamubona ko umengo yambaye impuzu zitari ko yahenye, uwo mwigeme yabwiye ico kinyamakuru ko yari yagerageje gushirako akandi kantu hejuru ngo bikunde yikwize na gatoya.

Ku kibazo c’amabara yambaye, uwo mwigeme agurisha ubwiza umukama yamuhaye amenyesha ko yambaye ibara ry’umutoto ubenje (Yellow- Jaune) kubera hari mw’ijor, ngo iryo naryo riri mu mabara asanzwe aboneka cane iyo ari mw’ijoro. Yahisemwo kandi kurenzako agahuzu ko hejuru k’ibara ryirabura (Black- Noire) kuko bisanzwe bifasha irya bara ry’umutoto ubenje kuboneka cane kandi cane cane ku rukoba nk’urwiwe hoho ngo bikaba bica biboneka neza.

Mwomenya ko uwo musi ukwinjira yari amafaranga ibihumbi mirongo 30 vy’amashiringi y’ama Tanzania, ayababa amafaranga ibihumbi 30 nyene vy’amafaranga y’amarundi. Abantu bakaba batabashije kuronka aho babakwiza kuko bari busidukanye n’iyonka kuza kuraba Label ya WASAFi ikwiye mu giteramo kimwe.

Indundi Tv Presents #PEACE AND LOVE Live in Buja X MASS concert

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel