Scroll to Top

#indundi | Kigali | The Ben yobanza gusubira kutaboneka imyaka itanu kugira abashe gusubira kwitabirwa nkuko vyabaye

By KING YANN COOL / Published on Monday, 02 Jan 2017 07:33 AM / No Comments / 1426 views

Umwe mu bamenyeshamakuru bakorera ikinyamakuru Ibyamamare co mu gihugu c’Urwanda yamenyesheje ko ivyo The Ben yakoze mu giteramo ciwe yari yateguriwe kuri uyu wa mbere Nzero ngo ari ibisanzwe kuko atawosubira kuriha amafaranga ibihumbi 10(30.000fbu) mu kindi giteramo ngo bikunde aje gusubira kuraba ivyo yakoze.

Ariko uwo mumenyeshamakuru avuga ko kugira bikunde asubire kwitabirwa mu giteramo nkuko vyaraye bibaye ngo yobanza gusubira kutaboneka iyindi myaka itanu I Kigali hama akabona gukora ivyaraye bibaye.

Ariko naho biruko ibimenyeshamakuru bitandukanye vyemeza ko uno musore aje ava muri Amerika yaraye akoze ibitari bwakaboneke I Kigali kuko yaryoheye abatari bake mu babashije gushika muri ico kibanza.

Naho navuga ko ataco yakoze abandi bakavuga ko yakoze ibikora inka, The Ben avugana n’imboneshakure y’igihugu c’Urwanda yamenyesheje ko yatanguye kwitegurira ico giteramo kuva akibwirwa ko bazoteramisha abanya Kigali.

Indundi Tv Presents # Hits News IWACU ALBUM LAUNCH 31 DECEMBER 2016

5,176 total views, 2 views today

Comments

comments