Scroll to Top

#Burundi| Ibisabwa kugira umuntu ashobore kwubaka inzu i Zege mu gisagara ca Gitega

By La Rédaction / Published on Tuesday, 03 Jan 2017 01:55 AM / / 377 views

Nk’uko bibonekera mwitangazo ryashizwe ahabona n’uburongozi bw’itunganywa ry’ibisagara n’uburaro mu karere ko hagati no m’ubuseruko, iryo tangazo riramenyesha ko abantu bose bahawe ibibanza vy’ukwubakamwo muri karitiye nshasha ya Zege yo mu gisagara ca Gitega ko kuva ubu kibujijwe kwubaka inzu isanzwe atari igorofa, ngo hategerezwa kwubakwa n’imiburiburi inzu igeretse kabiri.

Ubwo burongozi ngo bukaba bwafashe iyo ngingo mu ntumbero y’uguha igisagara ca Gitega ishusho nziza y’igisagara nyaco c’umurwa mukuru w’igihugu wa politike (Capital politique).

Iyi ngingo rero ngo ikaba yerekeye ibibanza vyose bitari bwubakwe kuva umusi ifatiweko, kandi ngo n’abari bamaze guhabwa impusha z’ukwubaka amazu asanzwe ariko batari bwatangure kwubaka, ngo basabwa guhindura ibicapu vy’inzu bari bashaka kwubaka kugira basubire kurondera izindi mpusha.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel