Scroll to Top

Indundi sports: Mvuyekure Emmanuel yoba agiye gusubira mu kibuga.

By Alain Muhirwe /Published on Tuesday, 03 Jan 2017 10:38 AM // 482 views

 Inyuma y’igihe c’amezi   agera kuri abiri agize imvune,  kuri uno munsi umukinyi Mvuyekure Emanuel yamaze kuba avanwako isima, mu minsi mikeyi agashobora gutangura imyimenyerezo.

Uno musore asanzwe akinira umugwi wa Mbao FC wo mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzaniya, yagize ikibazo c’imvune mu mpera z’ukwezi kw’icumi, aho uyo mugwi waruhejeje gutsinda umugwi wa Azam FC, ibitsindo bibiri kuri kimwe (2-1).

Twashoboye kwegera uyo mukinyi,  tumubaza umunezero yoba afise kubona agira agaruke mu kibuga yavuze ati: “Ubwambere ndashimiye imana kubona bankuyeko  iyi ciment ku kuguru,  inyuma ya mezi agera kuri abiri ntembera ku nkoni, vyarangora cane.  Sindamenya umunsi nzotangura imyimenyerezo, ndacaririndiye gato. Nkaba nshimiye abantu bose bambaye hafi mu gihe nari ngwaye,  Imana ibahezagire mbere nfabifurize n’umwaka mushasha.”

Mu kibukako mvuyekure Emmanuel yaciye mu mugwi wa Les  Guêpier  du Lac  ubu witwa Buja city , A C Tanganyika tutibagiye n’umugwi Wa LLBS4A. Uno musore akaba mbere yaranaciye mu mugwi wa The Gunners wo muri Botswana.

Radjabu Bosingwa

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel