Scroll to Top

#indundi | Tz | Iki nico gituma Lady Jaydee yahisemwo uyu musore mubandi bose

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 03 Jan 2017 12:51 PM / / 1885 views

 

Mu kiganiro Lady Jayde yakoranye n’insamirizi Citizen mu kiganiro Mambo Mseto gikoreshwa n’umumenyeshamakuru M.William Tuva yavuze ico akundira umukunzi wiwe mushasha asigaye afise inyuma y’igihe kitari gito atavuga umukunzi wiwe.

Uwo muri ico kiganiro yabashije gushikiriza ko umukunzi wiwe  yamurutishije abandi bagabo bose kubera impamvu zibiri yasabwe n’uwo mumenyeshamakuru izo nazo akavuga ko ari uko SPICEY umukunzi wiwe asanzwe ari umuntu atega ugutwi akumviriza ico Lady Jaydee ashaka kumumbwira nico yipfuza.

Ikindi uwo mwigeme yashikirije n’uko atigera agira ashavura na rimwe igihe barikumwe nawe, ngo izo nizo mpamvu nyezina zituma umukunzi wa Jayde agira ikibanza gikomeye mu mutima wiwe gusumba abandi bagabo bose bahura.

Womenya ko uno mukunzi wa Jaydee asanzwe akomoka mu gihugu ca Nigeria kandi nawe ari umuririmvyi eka mbere baheruka gukorana indirimbo.

Igiteramo ca Kidum kuri LACOSTA Beach aho yakoze ibitari bwakorwe

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel