Scroll to Top

#Burundi| Léonard ntahakana ko yasogose imbugita Berita kubera ideni yari amufitiye.

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 04 Jan 2017 08:19 AM / /

Ejo ku musi wa kabiri, igenekerezo rya 03 Nzero 2017, Sentare Nkuru y’Igihugu y’i Gitega, ishashe mu manze zayo z’ivyaha vy’amaraso, kandi z’kibiriraho, yarakubise  Intahe mu gahanga inkozi y’ikibi izwi kw’izina rya Léonard RUKUZA,. Uwo mwicanyi rero yahanishijwe ibihano bingana n’umunyororo w’imyaka 30, hamwe n’ihadabu ry’amahera angana imiliyoni zine z’amarundi( 4.000.000).

Ivyo rero ni inkurikizi z’akabi kabishe yakoze mu gusogota umwana w’umwigeme yitwe NYANDWI Berita  agaca yitaba Imana ahitanwe n’intabi y’uwo nyene kumugandagura.

Nayo, mu kiringo yaciye anafatwa ikibiriraho, imbere ya Sentare ntahakana na mba ako kabi yakoze, yamara wewe agasigura iryo bara yemeza ko yaritumwe n’uko uwo mwigeme nyakwigendera ngo yari amufitiye ideni ry’amahera agera ku bihumbi 120.000 yamara ngo akaba atagomba kuyamusubiza.

Ibihumbi 120.000 vy’amarundi nivyo vyavunjijwe ubuzima bwiwe bwose.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel