Scroll to Top

#Indundi Sports| Willy Habimana : Indoto zabaye ukuri.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 04 Jan 2017 08:29 AM / /

Inyuma y’ugutangura umwuga w’ukuba umuhagarikizi akiri muto cane, intambwe yaraye ashitseko ku myaka 30 afise, yaraye ahawe icete cemeza ko ari umuhagarikizi mpuzamakungu gitangwa n’ishirahamwe ry’umupira wo kw’isi rya FIFA.

Twagerageje kumubaza bimwe muvyagiye biranga kahise k’uno muhagarikizi, muri kino gihe yamaze kuba atangura kuja ku rutonde rw’abahagarikizi mpuzamakungu. :” Ndavyibutse neza hari mu mwaka wa 2003, niga mu mwaka w’umunani, niho natanguye kwimenyereza kuba umuhagarakizi, mfashijwe n’umuhagarikizi Blaise Pascal Nsabinganji, twakorera kuri Centre Jeunes Kamenge.

Kuva mu mwaka w’2005, niho twiyandikisha mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi, dutangurira ku vyigwa vy’uguhagarikira inkino z’umupira w’amaguru ariko ntivyankundiye ko mbandanya kuko nacerewe.  Mu mwaka wa 2007, niho reronaca ntangura kwiga ibijanye n’uguhagarikira, ndakora ikibazo ndagitora, hama ntangura kumenyereza icicaro ca 4, mu batarenza imyaka 17 muri komine Ngagara. Mu cicaro ca gatatu n’ica kane sinahatevye cane kubera umwete n’ubwira nimukiye mu cicaro ca kabiri.

Kuva mu mwaka w’2012, nadugijwe guhagarikira inkino zo mucicaro ca mbere Primus Ligue, aho nsanzwe ndi umuhagarikizi wo kuruhande( Arbitre Assistant). Kuva ku mwaka twaraye turangije nabaye umuhagarikizi mpuzamakungu wo ku rwego rwa FIFA. Nkaba rero nifuza kubandanya ntera imbere, gushika mu gikombe c’isi. Kandi ndazi nzobishikako.”

Ng’uko muri make, uko twaganiriye na Willy Habimana umwe mu bahagarikizi mpuzamakungu Uburundi buherutse kuba buronka. Tukabibutsa ko haronse impamyabushobozi abagera kuri 16, harimwo abagabo 11 n’abigeme 5.

 

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel