Scroll to Top

#Burundi| Umukuru w’umutumba aboshwe kubera ubutumwa bwasanzwe muri terefone

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 04 Jan 2017 08:15 AM / / 361 views

Yitwa Bernard Bandiko, akaba ari umukuru w’umuntu muri Komine Nyanza Lac. Kuva kw’igenekerezo rya mbere , Nzero 2017, abohewe mu gasho k’igipolisi i Makamba kw’itegeko ry’uwujejwe iperereza muri iyo Ntara.

Mu kiringo rero uwo mukuru w’umutumba asanzwe yamuka mu mugambwe Uprona , ishami rya Nditije , ngo yari amaze imisi yaratakaje iterefone yiwe ngendanwa, niko ngo kubona bayimuzaniye yamara  ariko guca rero afatwa ku mvo z’uko  hasanzwemwo ubutumwa bumwe bwitwa ” Messages”  ngo buteye amakenga.

Umugabo yitwa Innocent  bahavuye baca bafunganwa kuko ariwe yafatanwe iyo terefone wewe amenyesha ko nawe yayiguriye umuntu atazi.

Abahurikiye mu mugambwe umwe n’uwo nyene gufungwa bamemesha ko iryo ngo ari itoteza rifatiye ku ma muko ya politike y’uwo mukuru w’umutumba, naho bimenyeshwa yuko bapfunzwe ku mvo z’amatohoza .

 

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel