Scroll to Top

#Burundi| Yafashwe n’igipolisi yagirizwa kuba ari mubateguye imyiyerekano yo muri 2015

By La Rédaction / Published on Thursday, 05 Jan 2017 00:51 AM / /

Faustin Ntahuga azwi kw’izina rya Mustapha asanzwe yikekwa n’igipoilisi ko yoba ari mubateguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu yabaye muri Ndamukiza 2015, yarahagaritswe n’igipolisi kuwa 3 Nzero 2017 mu gihe yari avuye mu masengesho yo ku mugoroba nk’uko aba islam basanzwe babigira ( prière du maghreb), akaba yafatiwe ku musigiti wo ku Musaga hamwe n’umupfasoni wiwe, ariko uwo mupfasoni we akaba yahavuye arekurwa mu nyuma.

Nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’igipolisi Petero Nkurikiye, ico gikorwa c’ugufata Mustapha ngo cakozwe n’abasanzwe bakora mu gisata c’iperereza inyuma y’uko baja gusaka mu nzu yiwe.

Kubwa Petero Nkurikiye, bwana Mustapha ngo yoba yahora kandi akorana n’akarwi k’abantu bitwaza ibirwanisho kaheruka kwiha inkumbi ku mutumba wa Kiyenzi wo muri komine ya Kanyosha muri Bujumbura Rural kuri uwu w’Imana uheze, aho abantu bagera kuri babiri bahasize ubuzima.

Inyuma y’ukwiha iryo bara aho i Kiyenzi nk’uko Nkurikiye abandanya abishikiriza, inzego z’umutekano ngo zarashoboye gufata inkoho zishika kuri zitanu muri ako karere nyene zongera zihagarika abantu bagera kuri indwi abandi babiri barahunga barabasiga gushika ubu abo babacitse ngo bakaba bariko bararonderwa. Nkurikiye akamenyesha rero ko abo bafashwe n’igipolisi aribo bahavuye batanga iryo zina rya Mustapha ko nawe nyene basanzwe bakorana.

Categories : homepage kirundi security

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel