Scroll to Top

#Burundi| Iyi niyo nsiguro ishirahamwe Econetleo ritanga yatumye riduza ibiciro

By La Rédaction / Published on Friday, 06 Jan 2017 00:52 AM / / 369 views

Nk’uko bibonekera mw’itangazo ishirahamwe ry’ugutumatumanako amakuru Econet-Leo Burundi riherutse gushira ahabona kuri uwu wa 3 Nzero 2017 uheze, iryo shirahamwe riramenyesha abanywanyi baryo ko mu ntumbero y’ukwitaba akamo ryatewe na ARCT kajanye n’ihindurwa ry’amatagisi yahora arihishwa m’uguhamagara mu gihugu hagati, naryo ryipfuje kumenyesha ko ryadugije ibiciro vy’uguhamagara mu Burundi.

Ivyo ngo bikaba vyabaye mu ntumbero y’integuro y’umugambi w’amafaranga Leta y’Uburundi itegura kuzokoresha muri uno mwaka wa 2017 wamaze gutorwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, uwo nawo ukaba wasaba ko hoba ihinduka ku matagisi yari asanzwe arihishwa mu guhamagara mu Burundi, aho yavuye ku mafaranga 42 ikaja ku mafaranga 52 y’amarundi ku munota nk’uko vyashikirijwe na ARCT kuwa 30 kigarama 2016.

Ibiciro rero gushika ubu muri Econet-Leo bikaba bimeze uku, aho guhamagara ku basanzwe bari mu murwi umwe bimwe bita ”flotte” vyavuye ku 50Fbu bikaja kuri 60Fbu, abatari mu murwi umwe bakoresha ”appels intra net” yavuye kuri 100Fbu ija kuri 110Fbu, nayo uguhamagara uwo mudasangiye umuhora bikaba vyavuye kuri 168Fbu bija kuri 178Fbu.

Yamara naho bimeze uko, ama bouquets ya interenete yo ngo yaraduze aho umutekero wa Bronze usigaye ufise 50MB, umutekero wa Argent ukaba nawo wavuye kuri 50MB uja kuri 100MB, nayo umutekero wa Or ukaba wavuye kuri 100MB uja kuri 200MB.

 

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel