Scroll to Top

#Burundi| Ibikoresho vya gisirikare vyafatiwe i Higiro mu ntara ya Ngozi

By La Rédaction / Published on Saturday, 07 Jan 2017 01:12 AM / /

Inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalachnikov hamwe n’amasase agera kuri mirongo ine n’atandatu nivyo vyaraye bifatiwe ku musozi wa Higiro wo muri komine ya Marangara intara ya Ngozi.

Nk’uko bishikirizwa na musitanteri w’iyo komine ya Marangara, iyo nkoho ngo yoba yahora ikoreshwa n’umudandaza aheruka kwitaba Imana, uwo nawe ngo akaba yari asanzwe ayitunze bidaciye mu mategeko.

Gushika ubu rero, abantu bagera kuri umunani bakaba bamaze gufatwa n’igipolisi ku mvo z’amatohoza, muri abo bafashwe hakaba harimwo n’umwana w’uyo mudandaza avurwa ko ari we yahora atunze ico kirwanisho, uwo mwana akaba yikekwa ko ariwe yari asigaye ayikoresha. Ni inkuru tubandanya tubatohoreza.

Categories : homepage kirundi security

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel