Scroll to Top

#Burundi| Ibi nivyo icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yaraye agiriye abanya Musigati

By La Rédaction / Published on Sunday, 08 Jan 2017 00:54 AM / / 259 views

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore arikumwe n’abashingamateka batowe mu ntara ya Bubanza, yarifadikanije n’abanyagihugu bo muri komine ya Musigati yo muri iyo ntara nyene ku musi wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 7 Nzero 2017 mu bikorwa vy’ukwiteza imbere, ivyo navyo bikaba vyari vyerekeye ugucanga ibeto y’ukwubaka itaberenakuru yo mw’isengero ry’i Mukungu.

Patiri wa paruwase ya Musigati Père Georges Nahimana akaba yarakengurutse cane kuri ako kigoro abategetsi b’igihugu badasiba kwereka abenegihugu barongoye, aca aboneraho kandi gusaba ubufasha bw’isima, imitiririmbo ( fers à béton) hamwe n’amabati kugira ngo bashobore kuronka amazi meza muri ico kibanza, basubiremwo kwubaka ishule nshingiro hamwe n’ukwubaka ivuriro rizoshobora kuza rirafasha abenegihugu bo muri ako karere.

Nayo icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore akaba yarasavye abari aho ko bogerageza gutsimbataza amahoro n’umutekano kuko arizo nkingi z’iterambere rirama. Akaba kandi yari yagiye aho i Bubanza yitwaje imifuko mirongo itanu y’isima yari yagenewe ico gikorwa c’ukwubaka itaberenakuru y’iyo sengero, yongera amenyesha ko Leta y’Uburundi yiteguye gushigikira imigambi yose y’iterambere aho i Bubanza.

Buramatari w’iyo ntara ya Bubanza Tharcisse Niyongabo nawe akaba yaramenyesheje ko hakiri ingorane mu bice bimwe bimwe vyo mu ntara arongoye na canecane mu makomine ya Gihanga, Mpanda hamwe na Bubanza aho abanyagihugu baho bari m’ubukene budasanzwe bwatumwe n’ihindagurika ry’ibihe ku buryo uwu mwaka ataco bazokwimbura. Aho nyene, Joseph Butore akaba yasavye abanyagihugu ko boba barafashanya hagati yabo m’ugusabikanya utwo bafise imbere y’uko Leta nayo ibagarukirako.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel